Yeremiya 38:1-28

  • Yeremiya atabwa mw’itangi (1-6)

  • Ebedi-Meleki atabara Yeremiya (7-13)

  • Yeremiya ahanura Zedekiya kwishikana (14-28)

38  Nuko Shefatiya mwene Matani, Gedaliya mwene Pashuri, Yukali+ mwene Shelemiya na Pashuri+ mwene Malikiya bumva amajambo Yeremiya yariko abwira abantu bose ati:  «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Uwuzoguma muri iki gisagara azokwicwa n’inkota, inzara n’ikiza*+. Mugabo uwuzokwishikana* ku Bakaludaya azobaho. Azokiza* ubuzima bwiwe abeho+.”  Yehova avuze ati: “Iki gisagara kizotangwa ata kabuza ku ngabo z’umwami wa Babiloni, agifate+.”»  Abatware babwira umwami bati: «Turagusavye uyu mugabo yicwe+, kuko mu kuvuga ivyo ariko aca intege* abasoda basigaye muri iki gisagara n’abantu bose. Kuko uyu mugabo ataronderera amahoro aba bantu, ahubwo abaronderera ivyago.»  Umwami Zedekiya abishura ati: «Ehe ari mu maboko yanyu, kuko ata na kimwe umwami yobabuza.»  Bafata rero Yeremiya bamuterera mw’itangi rya Malikiya umuhungu w’umwami, rikaba ryari mu kigo c’abarinzi+. Bamanura Yeremiya bakoresheje imigozi. Ico gihe nta mazi yari muri iryo tangi, hariyo urwondo gusa. Nuko Yeremiya atangura kunyika muri nya rwondo.  Inkone* y’Umunyetiyopiya yitwa Ebedi-Meleki+ yaba ku kirimba* c’umwami, yumva ko Yeremiya bamushize muri nya tangi. Ico gihe umwami yari yicaye mw’irembo rya Benyamini+.  Maze Ebedi-Meleki ava ku kirimba* c’umwami aja kuvugana na we. Amubwira ati:  «Ewe databuja, mwami wanje, ivyo abo bagabo bakoreye umuhanuzi Yeremiya ni bibi. Bamutereye mw’itangi. Azopfirayo kubera inzara kuko ata mukate ugisigaye mu gisagara+ 10  Umwami aca ategeka uwo Munyetiyopiya Ebedi-Meleki ati: «Tora abagabo 30 bo ng’aha, hanyuma ukure umuhanuzi Yeremiya muri nya tangi atarapfa.» 11  Ebedi-Meleki atora rero abo bagabo hanyuma aja ku kirimba* c’umwami, mu kibanza kiri munsi y’ububiko bw’itunga+. Batorayo imishambara n’ibipande vy’impuzu vy’imishire, babimanurira Yeremiya muri nya tangi bakoresheje imigozi. 12  Maze uwo Munyetiyopiya Ebedi-Meleki abwira Yeremiya ati: «Ndagusavye ufate iyo mishambara n’ivyo bipande vy’impuzu ubishire hagati y’ukwaha n’imigozi.» Yeremiya aca arabikora. 13  Baraheza bakwegesha Yeremiya nya migozi, bamukura muri nya tangi. Nuko Yeremiya aguma mu kigo c’abarinzi+. 14  Umwami Zedekiya atumako umuhanuzi Yeremiya ngo aze aho ari ku bwinjiriro bugira gatatu bw’inzu ya Yehova. Maze umwami abwira Yeremiya ati: «Hari ico nshaka kukubaza. Ntihagire ico unyegeza.» 15  Yeremiya aca abwira Zedekiya ati: «Nihagira ico ndakubwira, uranyica ata kabuza. Ninaguhanura na ho ntunyumviriza.» 16  Umwami Zedekiya rero arahira Yeremiya mu mpisho ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima we yaduhaye ubu buzima, sindakwica kandi sindagutanga kuri abo bagabo barondera kukwica.» 17  Yeremiya rero aca abwira Zedekiya ati: «Yehova Imana Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Niwishikana* ku batware b’umwami wa Babiloni, uzobaho kandi iki gisagara ntikizoturirwa, kandi wewe n’abo mu rugo rwawe ntimuzopfa+. 18  Mugabo nutishikana* ku batware b’umwami wa Babiloni, iki gisagara kizotangwa ku Bakaludaya bagiturire+, kandi ntuzobacika+.”» 19  Maze umwami Zedekiya abwira Yeremiya ati: «Ndatinya Abayuda bomotse bakaja kwifatanya n’Abakaludaya, kuko hagize uwuntanga mu maboko yabo bohava bankorera ivy’ubunyamaswa.» 20  Mugabo Yeremiya avuga ati: «Nta wuzogutanga mu maboko yabo. Ndakwinginze wumvire ijwi rya Yehova mu vyo nkubwira. Uzoheza uroranirwe, ubandanye kubaho. 21  Ariko niwanka kwishikana*, ng’ibi ivyo Yehova yampishuriye: 22  Umviriza! Abagore bose basigaye ku kirimba* c’umwami w’Ubuyuda bariko barajanwa ku batware b’umwami wa Babiloni+, bavuga bati:“Abagabo wari wizigiye* baraguhenze barakunesha+. Batumye ikirenge cawe kinyikira mu vyondo. None ubu bagutaye.” 23  Abagore bawe bose n’abana bawe bose bariko bajanwa ku Bakaludaya, kandi wewe ntuzobacika. Umwami wa Babiloni azogufata+, kandi iki gisagara kizoturirwa+ kubera wewe.» 24  Zedekiya aca abwira Yeremiya ati: «Ntihagire n’umwe ubwira ivyo bintu kugira ntupfe. 25  Abatware nibumva ko navuganye nawe, bakaza bakakubwira ngo: “Turagusavye utubwire ivyo wabwiye umwami. Ntihagire ico utunyegeza, kandi ntitukwica+. None umwami yakubwiye iki?”, 26  uze ubishure rero uti: “Nariko nsaba umwami ngo ntansubize mu nzu ya Yehonatani, kugira simpfireyo+.”» 27  Mu nyuma abatware bose baza aho Yeremiya ari, batangura kumubazagiza. Aca abishura yisunze ivyo umwami yari yamutegetse vyose. Nta kindi bongeyeko kuko ata wari yumvise ikiyago cabo. 28  Yeremiya aguma mu kigo c’abarinzi+ gushika umusi Yeruzalemu yafatwa. Ni yo yari akiri igihe Yeruzalemu yafatwa+.

Utujambo tw'epfo

Canke «indwara.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwuzosohoka akaja.»
Mu giheburayo havuga ngo «azosahura.»
Mu giheburayo havuga ngo «amaboko.»
Canke «umukozi wo ku kirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «niwasohoka ukaja.»
Mu giheburayo havuga ngo «nutasohoka ngo uje.»
Mu giheburayo havuga ngo «gusohoka.»
Canke «mwari mufitaniye amahoro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»