Nehemiya 13:1-31

  • Ibindi Nehemiya yahinduye (1-31)

    • Ivy’icumi bitangwa (10-13)

    • Isabato ntikwiye guhumanywa (15-22)

    • Kwubakana n’abanyamahanga vyiyamirizwa (23-28)

13  Ico gihe basomera abantu mu gitabu ca Musa+. Basanze handitsemwo yuko ata Mwamoni canke Umunyamowabu+ akwiye kwigera yemererwa kuba mu bagize ishengero ry’Imana y’ukuri+,  kuko batasanganiye Abisirayeli ngo babahe umukate n’amazi, ahubwo bagaha amahera Balamu ngo abavume+. Ariko uwo muvumo Imana yacu yawuhinduye umuhezagiro+.  Bakimara kwumva amategeko babasomeye, batangura gukura mu Bisirayeli abanyamahanga* bose+.  Ariko imbere y’ivyo, umuherezi Eliyashibu+ ni we yari ajejwe ivyumba vy’ububiko* vyo ku nzu* y’Imana yacu+, akaba yari incuti ya Tobiya+.  Yari yarahaye Tobiya icumba kinini c’ububiko* cahora kibikwamwo amashikanwa y’intete, imibavu*, ibikoresho n’ic’icumi c’intete, ic’umuvinyu mushasha n’ic’amavuta+. Ico c’icumi categerezwa guhabwa Abalewi+, abaririmvyi n’abarinzi b’amarembo. Ni na ho habikwa intererano igenewe abaherezi+.  Muri ico gihe cose, sinari i Yeruzalemu kuko nari nasubiye i bwami mu mwaka ugira 32+ Aritazerusi umwami wa Babiloni aganza+. Haciye igihe, naciye ndamusaba uruhusha rwo kugenda.  Nshitse i Yeruzalemu, mbona ikintu c’akamaramaza Eliyashibu+ yari yarakoze: nasanze yarahaye Tobiya+ icumba c’ububiko mu kigo c’inzu y’Imana y’ukuri.  Ivyo vyarambabaje cane. Naciye mfata ibintu* vyose vya Tobiya vyari muri ico cumba c’ububiko* ndabiterera hanze.  Inyuma y’ivyo, ntegeka ko bahumanura ivyumba vy’ububiko*. Nca nsubizayo ibikoresho vy’inzu y’Imana y’ukuri+ hamwe n’amashikanwa y’intete n’imibavu+. 10  Nahavuye menya kandi yuko Abalewi batari bagihabwa intererano bagenewe+, bikaba vyatumye Abalewi n’abaririmvyi bata igikorwa, umwe wese akigira kw’itongo ryiwe+. 11  Maze ntatira abatware bo hasi+, mvuga nti: «Kubera iki inzu y’Imana y’ukuri yafashwe minenegwe+?» Nca nkoranya abari bataye ibikorwa, ndabasubiza ku bikorwa vyabo. 12  Nuko abo mu Buyuda bose bazana mu vyumba vy’ububiko ic’icumi+ c’intete, ic’umuvinyu mushasha n’ic’amavuta+. 13  Maze ivyo vyumba vy’ububiko ndabizeza umuherezi Shelemiya, umwimuzi* Sadoki n’Umulewi Pedaya. Uwabafasha yari Hanane umuhungu wa Zakuri, Zakuri wa Mataniya. Abo bagabo babonwa ko ari abizigirwa. Ni bo bari bajejwe kugabura ibintu bakabiha benewabo. 14  Mana yanje, uze ubinyibukire+, kandi ntuze wibagire ivyiza* nakoreye inzu yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze kugira nshigikire ibihakorerwa+. 15  Muri iyo misi, mbona abantu bo mu Buyuda bariko bagana* umuvinyu kw’isabato+, abazana ibirundo vy’intete maze bakaziremeka indogobwa, n’abazana umuvinyu, inzabibu, insukoni n’imizigo y’ubwoko bwose, bakavyinjiza i Yeruzalemu kw’isabato+. Nca ndababuza kugurisha ibiribwa kuri uwo musi*. 16  Abanyatiro baba mu gisagara barazana amafi n’ubwoko bwose bw’ibidandazwa, bakabigurisha kw’isabato+ ku Bayuda baba i Yeruzalemu. 17  Nca ntatira abanyacubahiro bo mu Buyuda, mvuga nti: «Mushobora gute gukora ikibi nk’ico, mugahumanya n’umusi w’isabato? 18  Ivyo si vyo ba sogokuruza banyu bakoze, bigatuma Imana yacu iduteza ibi vyago vyose, ikabiteza n’iki gisagara? None raba muriko murongerereza ishavu rirurumba Imana ifitiye Abisirayeli mu guhumanya isabato+ 19  Bugitangura kwira, imbere y’uko isabato itangura, ntegeka ko bugara amarembo y’i Yeruzalemu. Ntegeka kandi ko bayugurura ari uko isabato iheze. Ku marembo naciye ndahashira bamwe mu basuku banje kugira ngo ntihagire umuzigo winjira ku musi w’isabato. 20  Abadandaza n’abandi bacuruza ibintu vy’ubwoko bwose baciye rero barara inyuma ya Yeruzalemu incuro imwe canke zibiri. 21  Nca ndabihaniza nti: «Kubera iki murara inyuma y’uruzitiro? Nimwasubira nzohabakura ku nguvu.» Kuva ico gihe ntibongeye kuza kw’isabato. 22  Hanyuma mbwira Abalewi yuko bakwiye kwama bityorora, bakaza kurinda amarembo kugira ngo umusi w’isabato ugume ari mweranda+. Mana yanje, n’ivyo uze ubinyibukire, ungirire akagongwe kubera urukundo* rwawe rwinshi+. 23  Muri iyo misi mbona n’Abayuda bari bararongoye* Abanyashidodikazi+, Abamonikazi n’Abanyamowabukazi+. 24  Mu bana babo, igice kimwe cavuga ikinyashidodi, ikindi kikavuga indimi zo mu yandi mahanga. Nta n’umwe yavuga ikiyuda. 25  Nuko ntatira abo bagabo, ndabahamagarirako umuvumo nongera nkubita bamwe muri bo+, ndabashikura imishatsi. Maze ndabarahiza mw’izina ry’Imana nti: «Abakobwa banyu ntimukwiye kubaha abahungu babo, n’abakobwa babo ntimukwiye kubasabira abahungu banyu canke ngo mubarongore+. 26  Mbega abo si bo bacumuje Salomo umwami wa Isirayeli? Mu mahanga menshi nta mwami ameze nka we yariho+ kandi Imana yiwe yaramukunze+ imugira umwami wa Isirayeli yose. Ariko na we nyene abagore b’abanyamahangakazi baramucumuje+. 27  Si akamaramaza kubona mukora ico kibi gikomeye, mugahemukira Imana yacu mu kurongora abanyamahangakazi+ 28  Umwe mu bahungu ba Yoyada+, Yoyada umuhungu w’umuherezi mukuru Eliyashibu+, yari asigaye ari umukwe wa Sanibalati+ wa Muhoroni. Nuko ndamwirukana, amva iruhande. 29  Mana yanje, uze ubibuke ubahane kubera ko bahumanije ubuherezi n’isezerano wagiranye n’abaherezi+ be n’Abalewi+. 30  Nuko ndabatyorora ndabakuramwo ubuhumane bwose bwavuye mu banyamahanga, maze nshinga ibikorwa abaherezi n’Abalewi kugira umwe wese akore igikorwa ciwe+. 31  Ntunganya n’ivyo kuzana inkwi+ ku bihe vyashinzwe n’ivyo kuzana ivyeze ubwa mbere. Mana yanje, uze unyibuke umpezagire*+.

Utujambo tw'epfo

Canke «abantu b’imvange.»
Canke «uburiro.»
Canke «ku rusengero.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Canke «ahantu hanini h’uburiro.»
Canke «muri ubwo buriro.»
Canke «ibikoresho vyo mu nzu.»
Canke «uburiro.»
Canke «umwanditsi.»
Canke «ibikorwa biranga urukundo rudahemuka (rudahera).»
Mu giheburayo havuga ngo «baganisha ibirenge.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «uwo musi nca ndababuza kugurisha ibiribwa.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «bari barazanye mu ngo zabo.»
Canke «ungirire neza.»