Luka 19:1-48

  • Yezu aja kwa Zakayo (1-10)

  • Ikigereranyo c’imina cumi (11-27)

  • Yezu yinjira i Yeruzalemu nk’umwami (28-40)

  • Yezu aririra Yeruzalemu (41-44)

  • Yezu ahumanura urusengero (45-48)

19  Hanyuma yinjira i Yeriko, kandi yariko ahaca arengana.  Ng’aho hari umugabo yitwa Zakayo. Yari umukuru w’abatozakori kandi yari atunze.  Yashaka kubona Yezu uwo ari we, ariko ntiyabishobora kubera isinzi ry’abantu, kuko yari mugufi.  Aca yiruka imbere, yurira igiti c’umusukomora kugira amubone, kuko yagira ace muri iyo nzira.  Yezu ashitse aho hantu, aca ararangamiza, amubwira ati: «Zakayo, ururuka ningoga, kuko uyu musi ntegerezwa kurara iwawe.»  Aca arururuka ningoga maze amwakira iwe ahimbawe.  Abantu babibonye, bose batangura kuvugira mu ntamatama bati: «Ehe agiye kurara mu nzu y’umucumuzi+  Mugabo Zakayo arahaguruka, abwira Umukama ati: «Mukama, ica kabiri c’ivyo ntunze ngira ndagihe abakene, kandi ikintu cose nanyaze umuntu*, ngira ndagisubize incuro zine+  Yezu aca avuga ati: «Uno musi ubukiriro bwaje kuri iyi nzu, kuko na we nyene ari umwana wa Aburahamu. 10  Kuko Umwana w’umuntu yaje kurondera no gukiza abazimiye+ 11  Bakiriko baramwumviriza, Yezu aca abaha ikindi kigereranyo kuko yari hafi ya Yeruzalemu, na bo bakaba bariko biyumvira ko Ubwami bw’Imana bwagira bwibonekeze ubwo nyene+. 12  Avuga ati: «Umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yarafashe urugendo aja mu gihugu ca kure+ kwimikwa ngo abe umwami, hanyuma aheze agaruke. 13  Nuko ahamagara cumi mu bashumba biwe, abaha imina* cumi maze ababwira ati: “Nimuzicuruze gushika ngarutse+.” 14  Ariko abanyagihugu bagenziwe, baramwanka cane. Baca batuma ababaserukira kumubwira bati: “Ntidushaka ko uba umwami wacu.” 15  Amaherezo, aho agarukiye yamaze kugirwa umwami*, aca atumako ba bashumba yaha amahera* kugira arabe ivyo bungutse mu rudandaza rwabo+. 16  Uwa mbere araza, amubwira ati: “Mukama, imina yawe yungutse imina cumi+.” 17  Na we amubwira ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza! Ko werekanye ko uri umwizigirwa mu kintu gitoyi cane, nuganze ibisagara cumi+.” 18  Uwa kabiri araza maze avuga ati: “Mukama, imina yawe yungutse imina zitanu+.” 19  Na we nyene amubwira ati: “Na wewe nuganze ibisagara bitanu.” 20  Ariko uwundi araza, avuga ati: “Mukama, ng’iyi imina yawe. Nagumye ndayinyegeje mu mpuzu. 21  Naragutinye kuko uri umuntu akara. Utora ivyo utabikije kandi ukimbura ivyo utarimye+.” 22  Na we amwishura ati: “Wa mushumba mubi we, ndagucira urubanza nisunze amajambo yawe bwite. Kumbe wari uzi ko ndi umuntu akara, ntora ivyo ntabikije kandi nkimbura ivyo ntarimye+? 23  Kubera iki none utashize amahera yanje* mw’ibanki? Ngarutse nari kuyatora ari kumwe n’inyungu.” 24  Aca abwira abari bahagaze ng’aho ati: “Nimumwake iyo mina muyihe urya afise imina cumi+.” 25  Ariko bamubwira bati: “Mukama, afise imina cumi!” 26  Na we abishura ati: “Ndababwiye ko uwufise wese azokwongerwa n’ibindi, ariko uwudafise azokwakwa n’ivyo yari afise+. 27  Nayo abo bansi banje batashatse ko mba umwami wabo, nimubazane hano mubicire imbere yanje.”» 28  Amaze kuvuga ivyo, Yezu abandanya urugendo rwiwe rwo kuduga i Yeruzalemu. 29  Ashitse hafi y’i Betifage n’i Betaniya ku musozi w’Imyelayo*+, atuma babiri mu bigishwa biwe+, 30  ababwira ati: «Genda muri kiriya kigwati mubona. Mumaze kucinjiramwo murahasanga inyana y’indogobwa iziritse, ata muntu n’umwe arayicarako. Muce muyizitura maze muyizane. 31  Nihagira uwubabaza ati: “Kubera iki muyizitura?” Muce mumubwira muti: “Umukama arayikeneye.”» 32  Abo yatumye baca baragenda, bayisangaho nk’uko nyene yababwiye+. 33  Ariko batanguye kuyizitura, beneyo baca bababaza bati: «Kubera iki muzitura iyo nyana y’indogobwa?» 34  Na bo babishura bati: «Umukama arayikeneye.» 35  Baca bayizanira Yezu, hanyuma bayishirako impuzu zabo* maze bayimwicarikako+. 36  Uko yigira imbere, baguma basasa impuzu zabo mu nzira+. 37  Ashitse hafi y’inzira imanuka iva ku musozi w’Imyelayo, abigishwa isinzi batangura kunezerwa no gushemeza Imana n’ijwi rirenga kubera ibitangaza vyose bari babonye. 38  Bavuga bati: «Arahezagiwe Umwami aje mw’izina rya Yehova*! Amahoro mw’ijuru, n’ubuninahazwa iyo hejuru+ 39  Ariko bamwe mu Bafarizayo bari muri iryo sinzi bamubwira bati: «Mwigisha, bwira abo bigishwa bawe banume+ 40  Na we abishura ati: «Ndabibabwiye, hamwe aba bonuma, amabuye yosemerera.» 41  Ashitse hafi y’i Yeruzalemu, abona ico gisagara maze arakiririra+, 42  avuga ati: «Ese iyo wewe ubwawe uza gutahura ibijanye n’amahoro uyu musi! Ariko noneho vyarahishijwe amaso yawe+. 43  Kuko hazogera igihe abansi bawe bakubaka irya n’ino yawe uruzitiro rw’ibiti bisongoye, bakagukikuza kandi bakagusugereza impande zose+. 44  Bazokumena hasi mwe n’abana bawe+, kandi nta buye bazosiga rigeretse ku rindi muri wewe+, kuko utabitahuye igihe wasuzumwa.» 45  Aca yinjira mu rusengero maze ahindira hanze abariko baragurisha ibintu+, 46  ababwira ati: «Vyanditswe ngo: “Inzu yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo+”, ariko mwebwe mwayigize isenga ry’abambuzi+ 47  Yaguma yigisha mu rusengero imisi yose. Abakuru b’abaherezi n’abanditsi hamwe n’abantu bakurubakuru baguma barondera kumwica+, 48  ariko ntibabona ingene bobigira, kuko abantu bose baguma bamwumiyeko bashaka kumwumviriza+.

Utujambo tw'epfo

Canke «nanyaze umuntu mu kumwagiriza ibinyoma.»
Imina y’Abagiriki yapima amagarama 340. Vyiyumvirwa ko yangana n’idarakima 100. Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «ifeza.»
Canke «yamaze kuronka ubwami.»
Mu kigiriki havuga ngo «ifeza zanje.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Canke «impuzu zabo zo hejuru.»