Luka 16:1-31

  • Ikigereranyo c’umubwiriza atagororotse (1-13)

    • «Umwizigirwa muri bikeyi aba n’umwizigirwa muri vyinshi» (10)

  • Amategeko n’Ubwami bw’Imana (14-18)

  • Ikigereranyo c’umutunzi na Lazaro (19-31)

16  Abwira abigishwa biwe na bo ati: «Umuntu umwe w’umutunzi yari afise umusuku ajejwe urugo rwiwe*, maze abwirwa ko uwo musuku asesagura ubutunzi bwiwe.  Aca aramuhamagara, amubwira ati: “Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Nyereka ingene wakoresheje ibintu vyanje, kuko utagishoboye guhagarikira urugo rwanje.”  Uwo musuku aca yibwira ati: “Ndabigire nte, ko databuja agira ankure mu mabanga? Nta nguvu mfise zo kurima kandi gusega vyontera isoni.  Ahaaa! Ndazi ico ngiye gukora, kugira abantu bazonyakire mu ngo zabo ninakurwa mu mabanga.”  Aca ahamagara umwumwe mu bafitiye ideni shebuja, abaza uwa mbere ati: “Harya wewe databuja umufitiye ibingana iki?”  Na we amwishura ati: “Ingero* 100 z’amavuta y’imyelayo*.” Aca amubwira ati: “Akira urupapuro rw’amasezerano, wicare wandike ningoga 50.”  Hanyuma abaza uwundi ati: “Weho umufitiye ibingana iki?” Na we ati: “Ingero nininini 100* z’ingano.” Aca amubwira ati: “Akira urupapuro rw’amasezerano, wandike 80.”  Shebuja yaratangariye cane uwo musuku*, naho atari agororotse, kuko yakoranye ubwenge*. Abana b’iki gihe* barasumvya ubwenge abana b’umuco+ mu kuntu bafata abantu bo mu gihe cabo.  Vyongeye, ndababwiye nti: Mwironderere abagenzi biciye ku butunzi butagororotse+, kugira ngo nibwahera baze babakire mu ngo zamaho+. 10  Umuntu w’umwizigirwa muri bikeyi aba n’umwizigirwa muri vyinshi, kandi umuntu atabaye umwizigirwa muri bikeyi ntaba n’umwizigirwa muri vyinshi. 11  Nimba rero mutari abizigirwa mu kuntu mukoresha ubutunzi butagororotse, ni nde azobazeza ubutunzi nyakuri? 12  Kandi nimba mutari abizigirwa mu kuntu mukoresha ivy’abandi, ni nde azobaha ivyanyu+? 13  Nta mukozi ashobora gukorera ba shebuja babiri, kuko azokwanka umwe agakunda uwundi, canke akihebera umwe agasuzugura uwundi. Ntimushobora gukorera Imana n’Ubutunzi+ 14  Ico gihe Abafarizayo, na bo bakaba barakunda amahera cane, bariko barumviriza ivyo bintu vyose. Baca batangura gutwenga Yezu+. 15  Aca ababwira ati: «Mwebwe mwigira abagororotsi imbere y’abantu+, ariko Imana irazi imitima yanyu+. Kuko igishirwa hejuru mu bantu ari ikintu gisesemye imbere y’Imana+. 16  Amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi* vyabayeho gushika kuri Yohani. Kuva ico gihe, inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana iratangazwa, kandi abantu b’uburyo bwose baranigana kugira babushikemwo+. 17  Vy’ukuri, ijuru n’isi vyopfuma bivaho hako hagira akavunji k’urudome na kamwe ko mu mategeko kataranguka+. 18  Umuntu wese yirukana umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi, aba arenze ibigo, kandi uwo wese arongoye umugore yirukanywe n’umugabo wiwe, aba arenze ibigo+. 19  Harabayeho umuntu umwe w’umutunzi yambara impuzu zisa n’umuyugubwe* n’iz’ilino*, akama yiryohera imisi yose ari mu bihinda. 20  Ariko umusezi umwe yitwa Lazaro yama ashirwa kw’irembo ryiwe, yuzuye ibisebe, 21  akipfuza kurya ibikoroka biva ku meza y’uwo mutunzi. Mbere n’imbwa zaraza zigafyeta ibisebe vyiwe. 22  Mu nyuma uwo musezi yarapfuye, abamarayika baca bamujana iruhande ya Aburahamu*. N’uwo mutunzi nyene yarapfuye, baca baramuhamba. 23  Hanyuma ari mu kuzimu, araramura amaso ari mu mibabaro myinshi, abona Aburahamu ari nka hariya kure, na Lazaro ari iruhande yiwe. 24  Aca ashira ijwi hejuru ati: “Data Aburahamu, ngirira imbabazi urungike Lazaro akoze urutoke mu mazi, maze ahoze ururimi rwanje, kuko ndi mu mibabaro myinshi muri uyu muriro ururumba.” 25  Mugabo Aburahamu amwishura ati: “Mwananje, ibuka ko waronse ivyiza vyinshi mu buzima bwawe, ariko Lazaro akaronka ibibi. Ubu rero Lazaro ariko araruhurirwa ng’aha, ariko wewe uri mu mibabaro myinshi. 26  Uretse n’ivyo, hagati yacu namwe hari imanga nini, ku buryo ata woshobora kuva ng’aha ngo aze hiyo, kandi nta woshobora kuva hiyo ngo aze ng’aha.” 27  Aca avuga ati: “Ko ari ukwo biri ga dawe, ndagusavye umutume muhira kwa dawe, 28  kuko mfise benewacu batanu, kugira ababurire na bo ntibaze baze muri iki kibanza c’umubabaro mwinshi.” 29  Ariko Aburahamu amwishura ati: “Barafise Musa n’abahanuzi. Nibabumvirize+.” 30  Na we avuga ati: “Oya data Aburahamu, ntibazobumviriza. Ahubwo hagize uwo mu bapfuye azuka akaja kubaraba ni ho bokwigaya.” 31  Ariko amwishura ati: “Nimba batumviriza Musa+ n’abahanuzi, naho hogira uwuzuka mu bapfuye akaja kubaraba ntibojijuka.”»

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «umubwiriza.»
Canke «ingero za bati.» Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.
Bayita kandi amavuta ya olive.
Canke «ingero 100 za koro.» Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.
Mu kigiriki havuga ngo «umubwiriza.»
Canke «ubukerebutsi nyabwo.»
Iyo mvugo «amategeko n’ivyanditswe n’abahanuzi» yerekeza ku Vyanditswe vyose vy’igiheburayo.
Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).
Mu kigiriki havuga ngo «mu gikiriza ca Aburahamu.»