Ivyakozwe n’intumwa 7:1-60

  • Ijambo Sitefano yashikirije imbere y’Inama nkuru (1-53)

    • Ikiringo ca ba sekuruza b’imiryango (2-16)

    • Uburongozi bwa Musa. Isirayeli isenga ibigirwamana (17-43)

    • Imana ntiba mu nsengero zubatswe n’abantu (44-50)

  • Sitefano aterwa amabuye (54-60)

7  Umuherezi mukuru amubaza ati: «Ivyo bavuga ni vyo?»  Sitefano yishura ati: «Bagabo benewacu, yemwe ba data, nimunyumvirize. Imana y’ubuninahazwa yarabonekeye sogokuruza wacu Aburahamu igihe yari i Mezopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani+,  imubwira iti: “Va mu gihugu cawe no mu ncuti zawe, uje mu gihugu nzokwereka+.”  Aburahamu aca mu gihugu c’Abakaludaya, aja kuba i Harani. Se wiwe amaze gupfa+, Imana yaciye imukura ng’aho, imuzana kuba muri iki gihugu mubamwo ubu+.  Ariko nta ntoranwa yamuhaye muri co, emwe habe n’ahangana n’aho yohonyoza ikirenge. Mugabo yasezeranye kukimuha ngo kimwegukire, mu nyuma kizokwegukire uruvyaro* rwiwe+, kandi ata mwana yari bwaronke.  Vyongeye, Imana yamubwiye ko abomukomotseko* bobaye abanyamahanga mu gihugu atari rwabo, kandi ko abantu baho bobagize abaja bakongera bakabatoteza* imyaka 400+.  Imana yavuze iti: “Nzocira urubanza iryo hanga rizobagira abaja+, kandi mu nyuma bazovayo bankorere igikorwa ceranda aha hantu+.”  Vyongeye, yaragiranye na we isezerano ryo kugenyerwa*+. Aburahamu yahavuye avyara Izahaki+, araheza aramugenyera ku musi ugira umunani+. Izahaki yavyaye* Yakobo, Yakobo na we avyara ba bakuru* b’imiryango* 12.  Abo bakuru b’imiryango baragiriye ishari Yozefu+ maze bamugurisha mu Misiri+. Ariko Imana yari kumwe na we+. 10  Yaramurokoye mu makuba yiwe yose yongera ituma agira igikundiro n’ubukerebutsi imbere ya Farawo umwami wa Misiri. Farawo araheza amushinga kuganza Misiri n’urugo rwiwe rwose+. 11  Mugabo inzara yahavuye itera mu Misiri hose n’i Kanani, emwe amakuba akomeye, ku buryo ba sogokuruza bacu babura ico bafungura+. 12  Yakobo rero yumva ko hari ibifungurwa* mu Misiri, aca arungikayo ba sogokuruza bacu ubwa mbere+. 13  Bagiyeyo ubwa kabiri, Yozefu yarimenyesheje benewabo, maze Farawo amenya umuryango wa Yozefu+. 14  Nuko Yozefu atumako se Yakobo n’incuti ziwe zose ngo bave i Kanani+. Bose hamwe bari abantu 75+. 15  Yakobo yaciye amanuka mu Misiri+, kandi ni yo yapfiriye+, cokimwe na ba sogokuruza bacu+. 16  Bahavuye babajana i Shekemu, hanyuma babahamba mu mva Aburahamu yari yaguze amahera na bene Hamori i Shekemu+. 17  Igihe kiriko kiregereza c’uko umuhango Imana yari yarahaye Aburahamu uranguka, nya bantu barongerekana baragwira mu Misiri, 18  gushika hatanguye gutwara uwundi mwami mu Misiri atari azi Yozefu+. 19  Uwo mwami yarakoresheje urwenge mu kurwanya ubwoko bwacu, afata nabi ba sogokuruza bacu, abahatira guheba abana babo b’inzoya kugira ntibabeho+. 20  Ico gihe ni ho Musa yavuka, kandi yari mwiza bihebuje*. Yamaze amezi atatu yonkerezwa* mu nzu kwa se+. 21  Mugabo igihe yahebwa*+, umukobwa wa Farawo yaramutoye, amurera nk’umuhungu wiwe bwite+. 22  Musa rero yarigishijwe ubukerebutsi bwose bw’Abanyamisiri, kandi yavugana ububasha, agakora ibikomeye+. 23  Ashikanye imyaka 40, yaragize iciyumviro* co kuja kuraba benewabo b’Abisirayeli*+. 24  Akubise ijisho umwe muri bo ariko ararenganywa, yaramuburaniye maze yihora Umunyamisiri yariko aramugirira nabi, aramwica. 25  Yiyumvira yuko benewabo botahuye ko Imana yagira ibakize biciye kuri we, mugabo ntibabitahuye. 26  Bukeye, aseruka kuri benewabo bariko bararwana, aca agerageza kubumvikanisha mu mahoro, ababwira ati: “Bagabo, muravukana. Kubera iki mugiriranira nabi?” 27  Mugabo uwariko afata nabi mugenziwe, ashiburira Musa nka hariya, avuga ati: “Ni nde yakugize umutware n’umucamanza wacu? 28  Ushaka kunyica kumwe wica wa Munyamisiri ejo?” 29  Musa avyumvise, aca ahungira mu gihugu ca Midiyani. Araheza abayo ari umunyamahanga, ahavyarira abahungu babiri+. 30  Imyaka 40 irangiye, umumarayika yaramubonekeye mu gahinga k’umusozi Sinayi, mu rubeya rw’igisaka c’amahwa caka umuriro+. 31  Musa abonye ico kintu, yaratangaye cane. Yaciye yegera ngo yihweze neza ivyo ari vyo, mugabo aca yumva ijwi rya Yehova* rivuga riti: 32  “Ndi Imana ya ba sogokuruza bawe, Imana ya Aburahamu, iya Izahaki n’iya Yakobo+.” Musa yaciye atangura guhinda agashitsi, ntiyubahuka kubandanya yihweza ivyo ari vyo. 33  Yehova* yaciye amubwira ati: “Kura ibirato* wambaye, kuko ahantu uhagaze ari heranda. 34  Nabonye vy’ukuri agacinyizo abantu banje barimwo mu Misiri, kandi numvise amaborogo yabo+, nkaba ngira nje kubarokora. Umve rero, ngira ndagutume mu Misiri.” 35  Uyo Musa, umwe bihakana mu kuvuga ngo: “Ni nde yakugize umutware n’umucamanza+?”, ni we nyene Imana yatumye+ nk’umutware n’umurokozi biciye ku mumarayika yamubonekeye muri ca gisaka c’amahwa. 36  Uwo muntu yarabakuye mu Misiri+, akorera ibitangaza n’ibimenyetso mu Misiri+, ku kiyaga Gitukura+ no mu bugaragwa, mu myaka 40+. 37  Uyo Musa ni we yabwiye Abisirayeli ati: “Imana izobaha umuhanuzi ameze nkanje, imukuye muri benewanyu+.” 38  Uyo Musa ni we yari kumwe n’ishengero mu bugaragwa. Yari kumwe kandi na wa mumarayika+ yavugana na we+ ku musozi Sinayi, hamwe na ba sogokuruza bacu. Yarahawe amajambo meranda mazima kugira ayaduhe+. 39  Ba sogokuruza bacu baranse kumugamburukira. Baramwiyamirije+ maze mu mitima yabo bisubirira mu Misiri+, 40  babwira Aroni bati: “Duhingurire imana zizotuja imbere, kuko tutazi ivyashikiye uwo Musa yadukuye mu gihugu ca Misiri+.” 41  Nuko bahingura inyana muri iyo misi, hanyuma bazanira ikimazi ico kigirwamana, batangura kuryohererwa ivyo bahinguye+. 42  Imana rero ica irabaheba, irabareka ngo basenge ingabo zo kw’ijuru+, nk’uko vyanditswe mu gitabu c’abahanuzi ngo: “Mbega ni jewe mwashikaniye amashikanwa n’ibimazi mu myaka 40 mwamaze mu bugaragwa, ga yemwe Bisirayeli? 43  Ahubwo ihema rya Moloki*+ n’inyenyeri y’imana Refani ni vyo mwatwaye, vya bishusho mwakoze ngo mubisenge. Ni co gituma nzobajana hirya ya Babiloni+.” 44  Ba sogokuruza bacu bari bafise ihema ryeranda* mu bugaragwa. Iryo hema Musa yarikoze yisunze icitegererezo yari yabonye+, nk’uko Imana yari yabimutegetse igihe bavugana. 45  Ba sogokuruza bacu bararihawe, maze bo hamwe na Yosuwa baryinjiza mu gihugu cahora ari ic’amahanga+ Imana yirukanye akabisa ba sogokuruza bacu+. Aho ni ho ryagumye gushika mu misi ya Dawidi. 46  Dawidi yarashimwe n’Imana hanyuma asaba guterwa iteka ryo kuronderera Imana ya Yakobo ahantu iba+. 47  Ariko Salomo ni we yayubakiye inzu+. 48  Yamara rero, Musumbavyose ntaba mu nzu zubakishijwe amaboko+, nk’uko bivugwa n’umuhanuzi ngo: 49  “Ijuru ni yo ntebe yanje y’ubwami+, isi na yo ni intebe y’ibirenge vyanje+. None ni inzu nyabaki mwonyubakira?”, ni ko Yehova* avuga. “Canke ahantu noruhukira ni hehe? 50  Mbega ukuboko kwanje si kwo kwakoze ibi vyose+?” 51  Yemwe bantu b’intabarirwa kandi batagenyerewe mu mitima no mu matwi, mwama murwanya impwemu nyeranda. Mukora nk’uko ba sogokuruza banyu bakoze+. 52  Ni nde mu bahanuzi ba sogokuruza banyu batahamye+? Emwe, barishe abavuze imbere y’igihe ivyerekeye ukuza kwa wa mugororotsi+, umwe mwahemukira mugatako mukamwica+, 53  kandi ari mwebwe mwaronse amategeko biciye ku bamarayika+, mugabo ntimwayakurikije.» 54  Bumvise ayo majambo, baca bararaka*, batangura kumuhekenyera imisaya*. 55  Mugabo we, yuzuye impwemu nyeranda, ahanga amaso mw’ijuru maze abona ubuninahazwa bw’Imana na Yezu ahagaze iburyo bw’Imana+, 56  aca avuga ati: «Ehe mbona ijuru ryuguruye n’Umwana w’umuntu+ ahagaze iburyo bw’Imana+ 57  Baca barasemerera n’ijwi ryabo ryose bongera biziba amatwi, maze bamusimbirako icarimwe. 58  Bamaze kumuta inyuma y’igisagara, batangura kumutera amabuye+. Abari baje kumwagiriza+ bashira impuzu zabo* imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sawuli+. 59  Bakiriko baratera amabuye Sitefano, aratakamba ati: «Mukama Yezu, akira impwemu* yanje.» 60  Maze arapfukama, asemerera n’ijwi rikomeye ati: «Yehova*, ntubaharureko iki gicumuro+.» Ahejeje kuvuga ivyo, aca aracikana*.

Utujambo tw'epfo

Mu kigiriki havuga ngo «urubuto.»
Canke «uruvyaro rwiwe.»
Canke «bakabafata nabi.»
Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Canke «ba sekuruza b’imiryango.»
Mu kigiriki havuga ngo «ya mitwe.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yagiriye gutyo nyene.»
Canke «intete.»
Canke «mwiza imbere y’Imana.»
Canke «arererwa.»
Canke «yashirwa ahabona.»
Canke «yarafashe ingingo.»
Canke «gusuzuma uko benewabo b’Abisirayeli babayeho.»
Canke «isandari.»
Ishobora kuba ari Moleki, ca kimana c’Abamoni. Raba 1Bm 11:7.
Mu kigiriki havuga ngo «ihema ry’icabona.»
Canke «amenyo.»
Canke «bica bibasogota mu mitima.»
Canke «impuzu zabo zo hejuru.»
Mu kigiriki havuga ngo «arasinzira.»