Ivyahishuriwe Yohani 20:1-15
20 Hanyuma mbona umumarayika amanuka ava mw’ijuru afise mu minwe urupfunguruzo rw’inyenga+ n’umunyororo munini.
2 Aca afata ca gisato+, ya nzoka yo mu ntango+, ari yo Mubesheranyi*+ na Shetani+, arakiboha kugira kimare imyaka 1.000 kiboshwe.
3 Agikororera mu nyenga+, arayugara maze ashira ikimenyetso hejuru yaco, kugira nticongere kuzimiza amahanga gushika iyo myaka 1.000 iheze. Inyuma y’aho kibwirizwa kurekurwa igihe gitoyi+.
4 Nca mbona intebe z’ubwami, maze abazicayeko bahabwa ububasha bwo guca imanza. Egome, mbona amaraso* y’abishwe* bahorwa gushingira intahe Yezu no kuvuga ivyerekeye Imana, n’ayabatasenze ca gikoko canke ishusho yaco kandi batemeye gushirwako ca kimenyetso mu ruhanga rwabo canke ku maboko yabo+. Nuko baba bazima, baraheza baganza hamwe na Kristu+ imyaka 1.000.
5 (Abandi bapfuye+ ntibaba bazima iyo myaka 1.000 itarahera.) Iryo ni ryo zuka rya mbere+.
6 Abari muri iryo zuka rya mbere barahiriwe kandi ni beranda+. Urupfu rwa kabiri+ nta bubasha rubafiseko+, ahubwo bazoba abaherezi+ b’Imana na Kristu, kandi bazoganza bari kumwe na we iyo myaka 1.000+.
7 Iyo myaka 1.000 ikimara guhera, Shetani azorekurwa ave mw’ibohero,
8 kandi azosohoka kugira azimize amahanga ari ku mpande zine z’isi, ari yo Gogi na Magogi, kugira ayakoranirize hamwe ku bw’intambara. Igitigiri c’abazozimizwa na we kingana n’umusenyi wo ku kiyaga.
9 Maze bakwiragira isi yose, bakikuza ikambi y’aberanda na ca gisagara gikundwa n’Imana. Ariko umuriro uvuye mw’ijuru uca urakoroka urabarigata bose+.
10 Shetani* rero, umwe yahora abazimiza, aca atererwa mu kiyaga caka umuriro n’amazuku*, asangayo ca gikoko+ na wa muhanuzi w’ikinyoma+. Bazobabazwa* ijoro n’umurango gushika ibihe bidahera.
11 Hanyuma mbona intebe y’ubwami yera nini n’uwari ayicayeko+. Isi n’ijuru bica birahunga biva imbere yiwe+, ikibanza cavyo nticasubira kuboneka.
12 Ndaheza mbona abapfuye, abahambaye n’abantu batobato, bahagaze imbere y’iyo ntebe maze imizingo irazingururwa. Hanyuma uwundi muzingo urazingururwa, ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye baca bacirwa imanza ku vyo bakoze, hisunzwe ivyanditse muri iyo mizingo+.
13 Ikiyaga kirekura abapfuye bo muri co, urupfu n’ukuzimu na vyo nyene birekura abapfuye bo muri vyo, maze bacirwa imanza hisunzwe ivyo umwumwe wese yakoze+.
14 Urupfu n’ukuzimu bica bitererwa mu kiyaga caka umuriro+. Ico kiyaga caka umuriro+ kigereranya urupfu rwa kabiri+.
15 Vyongeye, umuntu wese atanditswe muri ico gitabu c’ubuzima+ atererwa muri ico kiyaga caka umuriro+.
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Canke «ubuzima.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «y’abicishijwe ishoka.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «wa Mubesheranyi.» Raba Insiguro y’amajambo (Mubesheranyi).
^ Canke «bazobohwa», «bazopfungwa.»