Itanguriro 25:1-34
25 Nuko Aburahamu azana uwundi mugore yitwa Ketura.
2 Araheza amuvyarira Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani+, Ishibaki na Shuwa+.
3 Yokishani yavyaye Sheba na Dedani.
Dedani na we yavyaye Ashurimu, Letushimu na Leyumimu*.
4 Midiyani yavyaye Efa, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya.
Abo bose bakomotse kuri Ketura.
5 Mu nyuma, Aburahamu araga Izahaki ibintu vyose yari atunze+,
6 ariko abahungu yavyaye ku ncoreke ziwe arabagabira gusa. Maze akiri muzima, abarungika amaja mu buseruko kure y’umuhungu wiwe Izahaki+, mu gihugu co mu buseruko.
7 Aburahamu yamaze imyaka 175.
8 Hanyuma aracikana, apfa yisaziye neza ari umutama ahimbawe, araheza ahamvya ab’iwabo*.
9 Abahungu biwe Izahaki na Ishimayeli bamuhamba mw’isenga ry’ibuye riri i Makipela, mw’itongo rya Efuroni umuhungu wa Zohari Umuheti, riri aharabana n’i Mamure+.
10 Iryo tongo Aburahamu yari yariguze n’abahungu ba Heti. Aho ni ho bahamvye Aburahamu hamwe n’umugore wiwe Sara+.
11 Aburahamu amaze gupfa, Imana ibandanya guhezagira umuhungu wiwe Izahaki+, kandi yaba hafi y’i Beri-Lahayi-Royi+.
12 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Ishimayeli+ umuhungu wa Aburahamu, uwo yavyaranye na Hagari+ Umunyamisiri, umusukukazi wa Sara.
13 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Ishimayeli hisunzwe ababakomotseko: imfura yiwe yari Nebayoti+, hagakurikira Kedari+, Adibeli, Mibusamu+,
14 Mishima, Duma, Masa,
15 Hadadi, Tema, Yeturi, Nafishi na Kedema.
16 Abo ni bo bahungu ba Ishimayeli kandi ayo ni yo mazina yabo hisunzwe ibigwati vyabo n’ibibanza babamwo mu mahema*. Bari abakuru 12 hisunzwe imiryango yabo+.
17 Ishimayeli yamaze imyaka 137 hanyuma arapfa, ahamvya ab’iwabo*.
18 Akarere abamukomokako babamwo kava i Havila+ hafi ya Shura+, aharabana na Misiri, kagashika i Ashuri. Baba hafi ya benewabo bose*+.
19 Iyi ni inkuru yigana kahise ka Izahaki umuhungu wa Aburahamu+.
Aburahamu yavyaye Izahaki.
20 Izahaki yari afise imyaka 40 igihe yarongora Rebeka umukobwa wa Betuweli+ Umwaramu w’i Padani-Aramu, akaba na mushiki wa Labani Umwaramu.
21 Izahaki yaguma atakambira Yehova ku vyerekeye umugore wiwe, kuko atavyara*. Nuko Yehova yumva ugutakamba kwiwe maze Rebeka aribungenga.
22 Abana bari mu nda yiwe batangura kunigana+, aca avuga ati: «Nimba ari uku bimeze, kuki nobandanya kubaho?» Aca asiguza Yehova.
23 Yehova amubwira ati: «Hari amahanga abiri ari mu nda yawe+, kandi amahanga abiri avuye muri wewe azotandukana+. Ihanga rimwe rizokomera kuruta irindi+, kandi mukuru azokorera mutoyi+.»
24 Hageze ko yibaruka, erega basanze afise inda y’amahasa.
25 Nuko uwa mbere aravuka, aza atukura hose kandi yuzuyeko ubwoya+. Baraheza bamwita Esawu*+.
26 Hanyuma mwenewabo na we aravuka, aza afashe igitsintsiri ca Esawu+. Baraheza bamwita Yakobo*+. Izahaki yari afise imyaka 60 igihe Rebeka yabavyara.
27 Abo bahungu rero barakura, Esawu aba umuhigi karuhariwe+, umugabo yirirwa mw’ishamba. Ariko Yakobo yari umuntu w’intungane*, yibera mu mahema+.
28 Izahaki yakunda Esawu kuko yama amuzanira akanyama. Rebeka we yakunda Yakobo+.
29 Umusi umwe Yakobo yariko arateka isupu y’inkore, hanyuma Esawu aca arashika avuye mw’ishamba, yarushe cane.
30 Esawu aca abwira Yakobo ati: «Ntabara umpe dukeyi* kuri iyo supu itukura. Nyarutsa kuko nshonje cane*!» Ni co catumye yitwa Edomu*+.
31 Yakobo amwishura ati: «Banza wemere ko nzoba ndakuguriye uburenganzira bwawe bw’imfura+.»
32 Esawu asubizayo ati: «Ehe ngira mpfe! None uburenganzira bw’imfura bumariye iki?»
33 Ariko Yakobo yongerako ati: «Banza undahire!» Aca aramurahira, agurisha kuri Yakobo uburenganzira bwiwe bw’imfura+.
34 Yakobo araheza amuha umukate n’isupu y’inkore. Nuko ararya yongera aranywa, aca arahaguruka arigira. Ukwo ni ko Esawu yasuzuguye uburenganzira bw’imfura.
Utujambo tw'epfo
^ Ayo mazina y’abo Dedani yavyaye arashobora kandi kwerekeza ku babakomotseko.
^ Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
^ Canke «n’amakambi yabo azitijwe impome.»
^ Iyo ni imvugo bakoresha bashaka kuvuga urupfu.
^ Hashobora kandi kuvugwa ngo «barankana na benewabo bose.»
^ Canke «kuko yari ingumba.»
^ Iryo zina risobanura ngo «ubwoya bwinshi.»
^ Iryo zina risobanura ngo «uwufashe igitsintsiri», «uwuja mu kibanza c’uwundi.»
^ Canke «umuntu atagirako umugayo.»
^ Canke «umpe utwo mira.»
^ Canke «kuko ndushe cane.»
^ Iryo zina risobanura ngo «bitukura.»