Indirimbo ya Salomo 2:1-17

  • Umukobwa (1)

    • «Ndi ishurwe ryitwa habaseleti»

  • Umwungere (2)

    • «Umukunzi wanje ameze nk’ishurwe ry’ilisi»

  • Umukobwa (3-14)

    • «Ntimuvyure urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo» (7)

    • Asubiramwo amajambo y’umwungere (10b-14)

      • «Ingo tujane mwiza wanje» (10b ,13)

  • Basaza b’umukobwa (15)

    • «Nimudufatire za mbwebwe»

  • Umukobwa (16, 17)

    • «Umukunzi wanje ni uwanje, nanje nkaba uwiwe» (16)

2  Ndi ishurwe ryitwa habaseleti ryo mu kiyaya,ishurwe ry’ilisi ryo mu mwonga+   «Kurya kw’ishurwe ry’ilisi mu mahwa,ni ko umukunzi wanje ameze mu bandi bakobwa.»   «Kurya kw’igiti c’ipome mu biti vyo mw’ishamba,ni ko umukunzi wanje ameze mu bandi bahungu. Ndipfuza cane kwicara mu gitutu ciwe,kandi icamwa ciwe kirandyohera.   Yanyinjije mu nzu iberamwo imisi mikuru*,kandi urukundo rwiwe rwari rumeze nk’akadarapo hejuru yanje.   Nimundabuze udukate tw’inzabibu zumye+,mumpembuze amapome,kuko ndwaye urukundo.   Ukubamfu kwiwe kunseguye umutwe,ukuryo kwiwe na kwo kuramfumbatiye+.   Yemwe bakobwa b’i Yeruzalemu, ndabarahijeingeregere+ n’impongokazi zo mw’ishamba: ntimugerageze gukangura canke kuvyura urukundo muri jewe ntararwiyumvamwo+.   Umve ijwi ry’umukunzi wanje! Ehe ng’uyo araje,aje araduga imisozi, asimba imirambi.   Umukunzi wanje ameze nk’ingeregere, nk’impongo ikiri nto+. Ehe ng’uriya, ahagaze inyuma y’uruhome rwacu.Aguma arungurukira mu madirisha,acishije mu tuyungiro. 10  Umukunzi wanje aramvugisha, akambwira ati: “Haguruka rukundo rwanje!Ingo tujane mwiza wanje! 11  Raba urushana* rwarenganye. Imvura yahise kandi yaheze. 12  Amashurwe yabonetse mu gihugu+,igihe co gututura cageze+,kandi uturirimbo tw’inuma twatanguye kwumvikana mu gihugu cacu+. 13  Insukoni za mbere zamaze guhira ku biti+.Imizabibu yashuritse kandi iguma irekura akamoto kayo. Haguruka uze rukundo rwanje! Ingo tujane mwiza wanje! 14  Ewe numa yanje yibera mu myobo y’ibitandara+,mu tunogo tw’ahantu h’ibimanga,nshaka kukubona no kwumva akajwi kawe+,kuko akajwi kawe karyoshe kandi ukaba uteye igomwe+.”» 15  «Nimudufatire za mbwebwe,twa tubwebwe dutoduto twonona imirima y’imizabibu,kuko imirima yacu y’imizabibu yashuritse.» 16  «Umukunzi wanje ni uwanje, nanje nkaba uwiwe+. Aragiye ibitungwa vyiwe+ mu mashurwe y’amalisi+. 17  Garuka ningoga, mukunzi wanje,akayaga kataratangura guhuhuta* n’ibitutu ngo bihunge!Nurengane imisozi idutandukanya* nk’ingeregere+ canke impongo ikiri nto+.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’umuvinyu.»
Canke «igihe c’imvura.»
Mu giheburayo havuga ngo «umusi utaratangura guhuhuta.»
Canke «imisozi ya Beteri.» Insobanuro y’ijambo Beteri ntizwi neza.