Imigani 23:1-35

  • Niwiyubare igihe bagutumiye (2)

  • Ntiwiruke inyuma y’ubutunzi (4)

  • Ubutunzi buraguruka bukigira (5)

  • Ntube mu banywi b’umuvinyu urenze urugero (20)

  • Umuvinyu ukomora nk’inzoka (32)

23  Niwicara ngo usangire n’umwami,uze wihweze neza ibiri imbere yawe.   Uze wigumye*nimba ukunda kurya.   Ntuze unohokere ibifungurwa vyiwe biryoshe,kuko ari ivyo kurya vy’uburyarya.   Ntiwiyahagure kugira uronke ubutunzi+. Vyihoze, werekane ko ufise ubwenge*.   Uraburaba ukabubura aho wabubonye+,kuko butabura kumera amababa nk’inkona, maze bukigurukira mu kirere+.   Ntuze urye ibifungurwa vy’umuntu w’ingumyi*.Ntuze unohokere ibifungurwa vyiwe biryoshe,   kuko aguma aharura* ivyo urya vyose. Akubwira ngo «irya, unywe», ariko ntibiba bivuye ku mutima*.   Ivyo wariye uzobidahwa,kandi uzoba wamuhayagirije ubusa.   Ntuze ubwire ikintu umuntu w’ikijuju+,kuko azosuzugura amajambo yawe y’ubwenge+. 10  Ntuze wimure akarimbi ka kera+canke ngo urengere impfuvyi, 11  kuko Uwubaburanira* akomeye.Azokwifatira mu minwe urubanza rwabo akuburanye+. 12  Nushire umutima ku gutozwa indero,kandi utege ugutwi amajambo y’ubwenge. 13  Ntureke gutoza indero umwana*+. Ntazopfa ngo ni uko umukubise inkoni. 14  Ukwiye kumukubita inkonikugira umukize urupfu. 15  Mwananje, niwaba inkerebutsi,umutima wanje uzonezerwa+. 16  Nzobogaboga* umunezeroiminwa yawe niyavuga ibigororotse. 17  Ntugirire ishari abacumuzi mu mutima wawe+,ahubwo tinya Yehova burinde bwira+. 18  Uzoheza ugire kazoza keza+,kandi uzokwamana icizigiro. 19  Mwananje, nunyumvirize maze uce ubwenge*,kandi ushire umutima wawe ku nzira igororotse. 20  Ntube mu banywa umuvinyu urenze urugero+,canke mu barya inyama nyinshi babigiranye umunoho+, 21  kuko imborerwa n’abakunzi b’inda bazoshikirwa n’ubukene+,kandi agatiro kazokwambika umuntu imishambara. 22  Umviriza so wawe yakuvyaye,kandi ntusuzugure nyoko wawe ngo ni uko gusa ashaje+. 23  Gura* ukuri kandi ntiwigere ukugurisha+,kandi ubigire gutyo nyene ku bukerebutsi, indero n’ugutegera+. 24  Se w’umugororotsi ntazobura kunezerwa.Uwuvyaye umwana aciye ubwenge azomuhimbarirwa. 25  So wawe na nyoko wawe bazohimbarwa,emwe uwakwibarutse azohimbarwa. 26  Mwananje, numpe umutima wawe,kandi amaso yawe ahimbarwe n’inzira zanje+. 27  Kuko umugore w’umumaraya ari ikinogo kirekire,kandi umugore w’igihumbu* ni iriba ryaga+. 28  Arabunda nka kurya kw’igisuma+,akongereza igitigiri c’abagabo b’ibihemu. 29  Ni nde afise amagorwa? Ni nde afise amaganya? Ni nde ari n’amahane? Ni nde ari n’imyidogo? Ni nde afise ibikomere ata mvo? Ni nde afise amaso atukura*? 30  Ni abatavirira umuvinyu+,abaguma barondera* umuvinyu uvanze. 31  Ntukwegakwegwe n’akabara gatukura k’umuvinyu,canke ukuntu ubiragira mu gikombe n’ukuntu umanuka neza mu muhogo. 32  Kuko amaherezo ukomora nk’inzoka,ukarekura ubumara nk’imamba. 33  Amaso yawe azobona ibintu bitabaho,kandi umutima wawe uzotuma uvuga ibintu bigoramye+. 34  Uzomera nk’umuntu aryamye hagati mu kiyaga,nk’umuntu aryamye hejuru ku giti gifata igitambara c’ubwato*. 35  Uzovuga uti: «Barankubise ariko sinavyumva*. Barampuraguye ariko sinabimenya. Mbega nzovyuka ryari+? Ese icompa akandi kavinyu*

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «uze ushire imbugita mw’izosi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntiwisunge ugutegera kwawe.»
Canke «umuntu afise ijisho ribi.»
Canke «aharura mu mutima wiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wiwe ntuba uri kumwe nawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «Uwubacungura.»
Canke «umuhungu», «uwukiri muto.»
Mu giheburayo havuga ngo «amafyigo yanje azobogaboga.»
Canke «ube inkerebutsi.»
Canke «niwironse.»
Mu giheburayo havuga ngo «w’umunyamahangakazi.» Raba akajambo k’epfo mu Img 2:16.
Canke «avyimvye.»
Canke «abakoranira hamwe kugira bahonje.»
Canke «c’imeri.» Imeri ni ubwato bunini.
Canke «sinababaye.»
Canke «nzosubira kuwurondera.»