Ezekiyeli 1:1-28

  • Ezekiyeli yerekwa n’Imana ari i Babiloni (1-3)

  • Yerekwa umukogote wa Yehova wo mw’ijuru (4-28)

    • Umuyaga w’igihuhusi, igicu n’umuriro (4)

    • Ibinyabuzima bine (5-14)

    • Amapine ane (15-21)

    • Ikirere gica ibibatsi nk’ibarafu (22-24)

    • Intebe y’ubwami ya Yehova (25-28)

1  Mu mwaka ugira 30, ku musi ugira gatanu w’ukwezi kugira kane, ico gihe nkaba naba mu bajanywe mu bunyagano+, hafi y’uruzi Kebari+, ijuru ryarugurutse ntangura kwerekwa n’Imana.  Ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, ni ukuvuga mu mwaka ugira gatanu umwami Yehoyakini ajanywe mu bunyagano+,  ijambo rya Yehova ryaje kuri Ezekiyeli* mwene Buzi umuherezi mu gihugu c’Abakaludaya+, hafi y’uruzi Kebari. Ububasha* bwa Yehova bwamujeko+ ari aho hantu.  Ndiko nditegereza mbona umuyaga w’igihuhusi+ uje uva mu buraruko. Hari igicu amahero n’umuriro urabagiza*+ bikikujwe n’umuco wakaka. Hagati muri uwo muriro hari ikintu casa n’uruvange rw’inzahabu n’ifeza*+.  Muri uwo muriro hari ibisa n’ibinyabuzima bine+, kandi kimwe cose muri vyo cari gifise ishusho nk’iy’umuntu.  Kimwe cose cari gifise mu maso hane n’amababa ane+.  Ibirenge vyavyo vyari bigororotse, bimeze nk’ibinono vy’inyana. Kandi vyarakayangana nk’umujumpu usenye uca ibibatsi+.  Ku mpande zavyo zose uko ari zine vyari bifise amaboko nk’ay’umuntu munsi y’amababa yavyo. Uko ari bine vyari bifise mu maso havyo bikagira n’amababa.  Amababa yavyo yarakoranako. Bigiye ntivyakata. Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere+. 10  Uku ni ko mu maso havyo hasa: kimwe cose muri ivyo binyabuzima bine cari gifise mu maso nk’ah’umuntu, iburyo kikagira mu maso nk’ah’intambwe+, ibubamfu kikagira mu maso nk’ah’impfizi+, kandi kimwe cose muri vyo uko ari bine cari gifise mu maso nk’ah’inkona+. 11  Ukwo ni ko mu maso havyo hari hameze. Amababa yavyo yari ashanje hejuru yavyo. Kimwe cose cari gifise amababa abiri akoranako, yandi abiri agapfuka imibiri yavyo+. 12  Kimwe cose muri vyo cagenda gitumbereye imbere, kikaja aho hose impwemu yaba ishatse ko bija+. Bigiye ntivyakata. 13  Ivyo binyabuzima vyari bifise ishusho nk’iy’amakara yaka umuriro. Hari ikintu kimeze nk’ibimuri vyaka cane caza kiragenda kigaruka hagati y’ivyo binyabuzima, kandi mu muriro+ havamwo imiravyo. 14  Uko ivyo binyabuzima vyagenda bigaruka, wamengo ni imiravyo irabagiza. 15  Ndiko nditegereza ivyo binyabuzima, mbona ikintu kimeze nk’ipine ry’icuma kw’isi iruhande ya kimwe cose muri ivyo binyabuzima bifise mu maso hane+. 16  Ayo mapine n’ukuntu akozwe, wamengo arakayangana nk’ibuye rya kirizolito, kandi yose uko ari ane yarasa. Uravye uko yasa n’ukuntu akozwe, wamengo ipine ryinjira mu rindi*. 17  Agize aho aja, yarashobora kwerekeza mu mpande zine zose atarinze gukata. 18  Amaringi y’ayo mapine yose uko ari ane yari maremare cane biteye ubwoba, kandi ayo maringi yari yuzuye amaso hose+. 19  Igihe cose ivyo binyabuzima bigiye ahantu, ayo mapine yajana na vyo, kandi ivyo binyabuzima bidugijwe bikava kw’isi, n’ayo mapine yaraduga+. 20  Aho impwemu ishatse ko bija ni ho vyaja, emwe aho impwemu igiye hose. Ayo mapine yadugana na vyo kuko impwemu yakorera muri ivyo binyabuzima* yari no muri ayo mapine. 21  Iyo bigiye ahantu, na yo yaca agenda, bihagaze na yo agahagarara. Iyo bidugijwe bikava kw’isi, ayo mapine na yo yadugana na vyo, kuko impwemu yakorera muri ivyo binyabuzima yari no muri ayo mapine. 22  Hejuru y’imitwe y’ivyo binyabuzima hari ikintu kimeze nk’ikirere caca ibibatsi nk’ikibarafu c’agatangaza, gishanje hejuru y’imitwe yavyo+. 23  Munsi y’ico kirere amababa yavyo yari agororotse*, rimwe rirabana n’irindi. Kimwe cose cari gifise amababa abiri yo gupfuka uruhande rumwe rw’imibiri yavyo, n’ayandi abiri yo gupfuka urundi ruhande. 24  Igihe numva ijwi ry’amababa yavyo, wamengo ni ijwi ry’amazi asuma cane, nk’ijwi rya Mushoboravyose+. Bigiye ahantu, ijwi ryavyo wamengo ni iry’ingabo nyinshi. Bihagaze, vyaca bimanura amababa yavyo. 25  Hari ijwi ryumvikana hejuru y’ico kirere cari hejuru y’imitwe yavyo. (Bihagaze, vyaca bimanura amababa yavyo.) 26  Hejuru y’ico kirere cari hejuru y’imitwe yavyo hari ikintu gisa n’ibuye rya safiro+, kimeze nk’intebe y’ubwami+. Hejuru, kuri iyo ntebe y’ubwami hari hicaye uwufise ishusho nk’iy’umuntu+. 27  Guhera ahokwitwa ko ari mu kiyunguyungu ciwe kuduga, mbona ikintu gikayangana nk’uruvange rw’inzahabu n’ifeza+, cari kimeze nk’umuriro uca ibibatsi. Guhera mu kiyunguyungu ciwe kumanuka, mbona ikintu gisa n’umuriro+. Irya n’ino yiwe hose harakaka 28  nka kurya kw’umunywamazi+ mu gicu ku musi w’imvura. Ukwo ni ko umuco wakaka irya n’ino yiwe wasa. Wari ufise ishusho nk’iy’ubuninahazwa bwa Yehova+. Ndawubonye, nca ngwa nubamye, maze numva ijwi ry’uwuvuga.

Utujambo tw'epfo

Iryo zina risobanura ngo «Imana irakomeza.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko.»
Canke «n’imiravyo.»
Urwo ruvange rurakaka.
Ashobora kuba yarinjiranamwo akagira imfuruka ngororotsi.
Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’ico kinyabuzima.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «yari ashanje agororotse.»