Abakorinto ba kabiri 6:1-18
6 Ko dukorana n’Imana+, turabinginga rero ngo ntimwemere ubuntu bwayo buhebuje*, hanyuma ngo muhushe intumbero yabwo+.
2 Kuko ivuga iti: «Mu gihe c’ukwemerwa narakwumvise, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+.» Raba! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa. Raba! Ubu ni wo musi w’ubukiriro.
3 Turirinda gutsitaza umuntu n’umwe, kugira ngo igikorwa cacu ntigitorwe amahinyu+.
4 Ahubwo muri vyose turerekana ko turi abasuku b’Imana+ mu kwihanganira ibigeragezo vyinshi, mu makuba, mu bihe vy’umukeno, mu ngorane+,
5 mu gukubitwa ibimoko, mu gupfungwa+, mu migumuko, mu kubira akuya, mu kurara maso, mu kubura ibifungurwa+,
6 mu kuguma dutyoroye, mu kwisunga ubumenyi, mu kwiyumanganya+, mu kugaragaza ubuntu+, mu kuyoborwa n’impwemu nyeranda, mu rukundo rutagira ubwiyorobetsi+,
7 mu kuvuga ukuri no mu kwiheka ku bubasha bw’Imana+. Turavyerekana kandi biciye ku birwanisho vy’ubugororotsi+ vyo mu kuryo* n’ivyo mu kubamfu*,
8 biciye mu cubahiro no mu gateterwe, biciye mu kuvugwa nabi no mu kuvugwa neza. Tubonwa nk’ababeshi kandi turi imvugakuri,
9 nk’abatazwi kandi tuzwi, nk’abariko barapfa* kandi turiho+, nk’abahawe igihano* kandi tutatanzwe ngo twicwe+,
10 nk’abari n’agahinda kandi twama tunezerewe, nk’aboro kandi dutungisha benshi, nk’abadafise ikintu na kimwe kandi dutunze vyose+.
11 Yemwe Bakorinto, twaravuganye namwe tubugurukiye*, kandi twarabugururiye cane umutima wacu.
12 Urukundo tubakunda ruragutse+, mugabo urukundo* mudukunda ruraga.
13 Ko tubakunda gutyo, namwe rero nimutwugururire cane umutima*+. Aho mvuze nk’uwubwira abana banje.
14 Ntimwunge ubumwe n’abatemera*+. Nakare, ubugororotsi n’ubugarariji bihuriye ku ki+? Canke umuco usangiye iki n’umwiza+?
15 Vyongeye, Kristu na Beliyali*+ bohuza gute? Canke uwemera asangiye iki n’uwutemera+?
16 Kandi urusengero rw’Imana ruhuriye ku ki n’ibigirwamana+? Erega turi urusengero rw’Imana nzima+, nk’uko Imana yavuze iti: «Nzobana na bo+, ngendere muri bo, kandi nzoba Imana yabo, na bo babe abantu banje+.»
17 «“Nimuve muri bo rero, kandi mwitandukanye na bo”, ni ko Yehova* avuze, “kandi mureke gukora ku kintu gihumanye+”», «“nanje nzobakira+.”»
18 «“Kandi nzobabera so+, namwe mumbere abahungu n’abakobwa+”, ni ko Yehova* Mushoboravyose avuze.»
Utujambo tw'epfo
^ Raba Insiguro y’amajambo.
^ Bishobora kuba vyari ivyo kwikingira umwansi.
^ Bishobora kuba vyari ivyo kwivuna umwansi.
^ Canke «nk’abakwiriye gupfa.»
^ Canke «nk’abatojwe indero.»
^ Mu kigiriki havuga ngo «akanwa kacu karabugurukiye.»
^ Canke «ikibabarwe.»
^ Canke «nimwaguke.»
^ Canke «ntimuboherwe ku ngogo imwe n’abatemera kandi mudahuje.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
^ Iryo zina ryerekeza kuri Shetani. Rikomoka kw’ijambo ry’igiheburayo risobanura «imburakimazi.»
^ Raba Inyongera ya A5.
^ Raba Inyongera ya A5.