Abakorinto ba kabiri 1:1-24

  • Indamutso (1, 2)

  • Imana iraduhoza mu bigeragezo vyose (3-11)

  • Ivyahindutse mu rugendo rwa Pawulo (12-24)

1  Jewe Pawulo intumwa ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, n’umuvukanyi wacu Timoteyo+, turabandikiye mwebwe shengero ry’Imana riri i Korinto hamwe n’aberanda bose bari i Akaya+ hose.  Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe.  Hashemezwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu+, Se w’imbabazi n’ikibabarwe+ ikaba n’Imana y’uruhoza+ rwose.  Iraduhoza* mu bigeragezo* vyacu vyose+ kugira ngo natwe dushobore guhoza+ abari mu bigeragezo* vy’ubwoko bwose, biciye ku ruhoza iduha+.  Nk’uko imibabaro idushikira kubera Kristu ari myinshi+, ni ko n’uruhoza turonka biciye kuri Kristu ari rwinshi.  Iyo turi mu bigeragezo* ni ukugira ngo muhozwe mwongere mukizwe. N’iyo duhojejwe ni ukugira ngo muhozwe. Urwo ruhoza rurabafasha kwihanganira imibabaro isa n’iyidushikira.  Dufise icizigiro gikomeye ku biberekeye kuko tuzi yuko kurya nyene dusangira imibabaro ari ko tuzosangira n’uruhoza+.  Bavukanyi, ntidushaka ko muyoberwa amakuba yadushikiye mu ntara ya Aziya+. Twari turemerewe bihebuje, bimwe birengeye inkomezi zacu, ku buryo n’ubuzima bwacu bwari buduhagaritse umutima cane+.  Emwe, twumva umengo twaciriwe urubanza rwo gupfa. Kwari ukugira ngo ntitwiyizigire ubwacu, ahubwo twizigire ya Mana+ izura abapfuye. 10  Yaradukijije ako kaga gakomeye k’urupfu, kandi izosubira kudukiza. Turizigiye kandi ko izobandanya kudukiza+. 11  Namwe murashobora kudufasha mu gutakambira Imana ku bwacu+ kugira ngo nitwagirirwa ubuntu bivuye ku masengesho ya benshi+, bize bitume benshi bakengurukira Imana ku bitwerekeye. 12  Kuko iki ari co twiratira: ijwi ryacu ryo mu mutima riradushingira intahe yuko mw’isi, na canecane muri mwebwe, twigenjeje nk’abantu bubahiriza ubweranda kandi bafise umutima utagira uburyarya ushimwa n’Imana. Ntitwabigize twisunze ubukerebutsi bw’abantu*+, ahubwo twisunze ubuntu buhebuje bw’Imana. 13  Kuko vy’ukuri ata bintu turiko tubandikira mudashobora gusoma* ngo mutahure. Kandi nizigiye ko muzobandanya kubitahura neza*, 14  nka kurya nyene mwatahuye ku rugero kanaka yuko mufise imvo yo kutwiratira, nk’uko natwe tuzobiratira ku musi w’Umukama wacu Yezu. 15  Kubera ko ivyo nari ndavyizigiye, naripfuje kubanza kuza iwanyu kugira ngo muronke akaryo ko kunezerwa ubugira kabiri*. 16  Mu bisanzwe naripfuza kuza kubaraba ndiko ndaja i Masedwane, nkagaruka iwanyu mvuyeyo, hanyuma mukamperekeza gatoyi ngiye i Yudaya+. 17  None noba naravyipfuje mugabo sindavyiteho? Canke noba ntegura imigambi mu buryo bw’umubiri nkavuga ngo «Ego, ego» hanyuma ngo «Oya, oya»? 18  Mugabo Imana irashobora kutubera icabona yuko ivyo tubabwira atari «ego» kandi ari «oya». 19  Yezu Kristu Umwana w’Imana, umwe jewe na Silivano* na Timoteyo+ twabamenyesha, ntiyabaye «ego» hanyuma ngo abe «oya», ahubwo «ego» yamye ari «ego» ku bimwerekeye. 20  Kuko imihango y’Imana uko ingana kwose, yabaye «ego» biciye kuri we+. Ni co gituma kandi biciye kuri we tubwira Imana «Amen+», gutyo tukayininahaza. 21  Mugabo uwemeza ko twe namwe turi aba Kristu, akaba ari na we yaturobanuye*, ni Imana+. 22  Yaradushizeko n’ikidodo cayo+ yongera iduha mu mitima yacu icemeza ibizoza*, ni ukuvuga impwemu+. 23  Ubu ndasavye Imana ibe icabona kinyagiriza, yuko kuba ntaraza i Korinto ari ukugira ngo ntimurushirize kubabara. 24  Ntibisigura ko ari twebwe tuganza ukwizera kwanyu+. Ahubwo turi abakozi bagenzi banyu ku bw’umunezero wanyu, kuko muhagaze kubera ukwizera kwanyu.

Utujambo tw'epfo

Canke «mu makuba.»
Canke «mu makuba.»
Canke «iraturemesha.»
Canke «mu makuba.»
Mu kigiriki havuga ngo «bw’umubiri.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «mudasanzwe muzi neza.»
Mu kigiriki havuga ngo «gushika kw’iherezo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «muhungukire kabiri.»
Yitwa kandi Silasi.
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Canke «avanse», «ingwati y’ibizoza.»