Utuvidewo dutuma umutima unezerwa
“Ni nk’aho Yehova yari azi neza ivyo abavyeyi twiyumvira.” Ukwo ni ko sebibondo umwe wo muri Maleziya yavuze ku bijanye na rwa rukurikirane rw’utuvidewo twa dessin animé ruvuga ngo Nube umugenzi wa Yehova.
Kuva aho akavidewo ka mbere ko muri urwo rukurikirane gasohokeye, Ivyabona vya Yehova baramaze gusohora n’utundi tuvidewo twa Kalebu n’umuryango wiwe. Utwo tuvidewo, ubu turi ku muhora jw.org, turigisha abana ivyigwa bihambaye bijanye n’inyifato runtu n’Imana, nk’akarorero: igituma badakwiye kwiba n’ingene bosenga.
Akavidewo ka mbere ko muri urwo rukurikirane karamaze guhindurwa mu ndimi 131 kandi kariko karafasha abana bo hirya no hino kw’isi.
Turakundwa cane
Inabibondo umwe afise abana batanu yanditse ati: ‘Haciye ndwi imwe turonse DVD ya Kalebu, twari tumaze kuyiraba nk’incuro 50.’
Mu Bwongereza, hari akigeme k’imyaka 12 kitwa Millie gafise musazawako w’imyaka 15 yitwa Thomas yavukanye ubumuga bwo mu mutwe. Millie yanditse ati: “Thomas yarashize utuvidewo twa Kalebu muri tablette yiwe ya iPad kugira ashobore kutwereka abagenzi biwe kw’ishure. Arakunda zirya ndirimbo kandi aziririmba neza ku buryo mbere vyatumye mushiki wacu umwe akorora amasozi. Ese ingene bihimbaye!”
Ava, uwavuze ko amaze imyaka 8 n’amezi 9 n’imisi 25, yanditse ati: “Kalebu na mushikiwe barazi neza kwigisha abana.”
Mikaylah yanditse ati: ‘Mfise imyaka 6. Ndabashimiye kuri DVD ya Kalebu. Iranyigisha kwumvira abavyeyi banje kuko bituma Yehova anezerwa.’
Turimwo ibintu ngirakamaro
Uwukiri muto umwe akora ama dessins animés, ariko akaba atari Icabona ca Yehova, yararavye ka kavidewo kavuga ngo Kwiba ni bibi. Yaratangaye cane igihe yumva ko umugwi w’abantu nka bangahe gusa ari wo wakoze iyo dessin animé. Yavuze ati: “Ndazi abantu bakora mu makompanyi maninimanini na matomato akora ama dessins animés, eka na jewe nahora nibaza uko vyoba bimeze gukorera ahantu mwene aho. Ariko nasanze igikorwa cose bakora n’utwigoro twose bagira ari ukugira bashobore gukora gusa ikintu gitwenza abantu amasaha nk’angahe. Ariko mwebwe ama dessins animés mukora arahindura ubuzima bw’abana, akabigisha gutandukanya ikibi n’iciza akongera akabafasha gufata ingingo nziza. Mukora igikorwa gifise intumbero, igikorwa gifasha abantu.”
Ivyo abavyeyi bo hirya no hino kw’isi baravyemera. Inabibondo umwe yanditse ati: “Agahungu kanje Quinn gafise imyaka 3 kariko kararaba akavidewo kavuga ngo Ni nde aba umugenzi wa Yehova?. Urwo ruririmbo rugeze hagati, kaciye kandaba kaca kifata ku mutima kambwira gati: ‘Ma, aka kavidewo gatumye nezerwa mu mutima.’ ”