Ja ku birimwo

Antikristu ni nde?

Antikristu ni nde?

Inyishu Bibiliya itanga

 Antikristu si umuntu umwe canke ishirahamwe, kubera ko Bibiliya ivuga ko hari “ba antikristu benshi.” (1 Yohani 2:18) Ahubwo nyabuna, ijambo “antikristu,” rino rikaba rikomoka mw’ijambo ry’ikigiriki risigura ngo “kurwanya Kristu,” ryerekeza ku muntu wese akora ibi bikurikira:

 Bibiliya ivuga ko umuntu wese akora ivyo bintu ari antikristu, ariko kandi ibafatiye hamwe bose ibita ba “antikristu.” (2 Yohani 7) Antikristu yatanguye kuboneka mu gihe c’intumwa kandi kuva ico gihe yagumyeho. Bibiliya yari yaravuze ko ari ukwo vyobaye.​—1 Yohani 4:3.

Ukuntu twomenya ba antikristu

  •   Barakwiragiza ibinyoma ku vyerekeye Yezu. (Matayo 24:9, 11) Nk’akarorero, abigisha Ubutatu canke bakigisha ko Yezu ari Imana Mushoboravyose baba vy’ukuri bariko bigisha ibinyuranye n’ivyo Yezu yigishije. We yavuze ati: “Data a[ra]nduta.”—Yohani 14:28.

  •   Ba antikristu ntibemera ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’ingene Ubwami bw’Imana bukora. Nk’akarorero, hari indongozi z’amadini zivuga ko Kristu akorera mu bategetsi. Ariko, iyo nyigisho irateye kubiri n’ivyo Yezu yavuze, ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si.”​—Yohani 18:36.

  •   Bavuga ko Yezu ari Umukama wabo, ariko ntibagamburuka amategeko yiwe, harimwo na rya rindi ryo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.​—Matayo 28:19, 20; Luka 6:46; Ivyakozwe 10:42.