Ja ku birimwo

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ibikoko vyitwa dinozoro?

Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ibikoko vyitwa dinozoro?

Inyishu Bibiliya itanga

 Nta na hamwe Bibiliya ivuga ibijanye n’amadinozoro. Ariko ivuga ko Imana ari yo ‘yaremye vyose.’ Biragaragara rero ko amadinozoro ari mu bintu Imana yaremye. a (Ivyahishuwe 4:11) Naho Bibiliya itavuga amadinozoro mu buryo budomako, iravuga imigwi y’ibikoko twoyashiramwo:

Amadinozoro yoba yakomotse mu bindi bikoko?

 Amadinozoro ntiyagiye arahindagurika buhorobuhoro ava mu bindi bikoko, ahubwo nk’uko ibisigarira vyayo bivyerekana, yabayeho bukwi na bukwi. Ivyo birahuye n’ivyo Bibiliya ivuga ko Imana ari yo yaremye ibikoko vyose. Nk’akarorero, Zaburi 146:6 ivuga ko Imana ari yo ‘Muhinguzi w’ijuru n’isi, w’ikiyaga, be n’ibiri muri vyo vyose.’

Amadinozoro yabayeho ryari?

 Bibiliya yerekana ko ibikoko vyo mu kiyaga n’ivyo kw’isi vyaremwe ku musi w’irema ugira gatanu no ku wugira gatandatu. b (Itanguriro 1:20-25, 31) Ivyo birerekana ko amadinozoro yabayeho igihe kirekire.

Behemoti na Lewiyatani yoba yari amadinozoro?

 Habe namba! Naho ivyo bikoko bivugwa mu gitabu ca Yobu ata wuzi neza ivyo ari vyo, benshi biyumvira ko Behemoti ari imvubu, Lewiyatani na yo ikiba ingona. Ivyo birahuye n’ukuntu ivyo bikoko bidondorwa muri Bibiliya. (Yobu 40:15-23; 41:1, 14-17, 31) Uko biri kwose, Behemoti na Lewiyatani nta kuntu yoba ari amadinozoro. Imana yabwiye Yobu ngo yihweze ivyo bikoko, kandi Yobu yabayeho haheze igihe kirekire amadinozoro yarazimanganye.​—Yobu 40:16; 41:8.

Amadinozoro yakamanganye gute?

 Bibiliya ntivuga ukuntu amadinozoro yakamanganye. Ariko iravuga ko ibintu vyose vyaremwe “kubera ukugomba [kw’Imana].” Biratomoye rero ko Imana yaremye amadinozoro ku bw’umugambi kanaka. (Ivyahishuwe 4:11) Igihe uwo mugambi waranguka, Imana yararetse amadinozoro arazimangana.

a Ibisigarira vy’ibikoko vya kera cane biremeza ko amadinozoro yabayeho. Kanatsinda ivyo bisigarira birerekana ko kera cane ayo madinozoro yari menshi kandi ko yari ubwoko butandukanye.

b Muri Bibiliya ijambo “umusi” rirashobora kwerekeza ku biringo birebire bishobora kumara imyaka ibihumbi.​—Itanguriro 1:31; 2:1-4; Abaheburayo 4:4, 11.