Ja ku birimwo

Incamake ya Bibiliya

Incamake ya Bibiliya

Bibiliya ni co gitabu cakwiragiye kuruta ibindi bitabu vyose, kandi abantu benshi barayiha agaciro. Ariko woshobora kwibaza uti: ‘Ico gitabu kizwi cane kivugwamwo ibiki?’

Agatabu kavuga ngo Bibiliya​—Irimwo ubutumwa ubuhe? karatanga incamake ya Bibiliya igufasha gutahura iciyumviro nyamukuru c’ubutumwa buri muri Bibiliya. Ako gatabu karavuga muri make inkuru yo muri Bibiliya ivuga ivy’irema iri mu gitabu c’Itanguriro, kagashika no ku bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe vyerekeye kazoza keza igitangaza turindiriye. Ako gatabu karimwo umurongo werekana igihe ibintu nyamukuru bivugwa muri Bibiliya vyabereye. Vyongeye, karimwo amafoto meza n’ibibazo bituma umuntu azirikana.

Soma kuri internet agatabu Bibiliya​—Irimwo ubutumwa ubuhe?